Komine Kayanza Kwirimbura ibikorwa bamaze imisi bakora mukiringo c’amazi 4 no Kwandika amatongo y’abenegihugu bose bo muri Komine Kayanza bavyifuza nibimwe muvyari vyakoranije inama y’abari mugisata co gutunganya ubutaka,ibisagara n’uburaro bwiza muri komine kayanza kuri uyu wa 12 Rusama 2026 munzu y’amanama ya Komine kayanza mane.Inama ikaba yarirongowe n’umukuru w’igisata Ndayizeye Jean Paul.Babonyeko muri rusangi bakoze neza ariko bemeranyako ari kwongereza inguvu n’umwete mugutunganiriza abenegihugu bakenera Igisata ntunganyamatongo.Biyemeje kandi Gutanga raporo kugihe kugira ababakuriye bamenye ibikorwa baba bakoze.
Bemeranije kandi gushika Ku mitumba 111 igize Komine muntumbero yo gusubira kwigisha abenegihugu batarumva ibijanye no kwandikisha amatongo canke abibazako handikwa gusa amatongo baba baguze ariko ko amatongo yose yabwirizwa kwandikwa mugisata ntunganyamatongo mu ntumbero yo kugabanya amatati afatiye Ku Matongo mbere no gusaba ingurane mu mabanke muntumbero yo kwiteza imbere mu miryango.
Ariko bamenyeshako ari bake mugukwira ama zone yose bandika abifuza kwandikisha amatongo bakarangiza basabako bokongerezwa kuburyo zone yose igira umukozi akora muri ico gisata.

Leave a comment

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *