#Kayanza : Indongozi z’amashirahamwe n’ibisata bitandukanye zasabwe kurushirizaho kwegera abenegihugu mu guteza imbere imibereho yabo
Kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 17 Ruheshi 2026, mu nzu y’amanama ya Komine Kayanza, habereye inama yahuje indongozi z’ibisata bitandukanye bikorera muri iyo Komine, harimwo ibisata vy’ubutungane, umutekano, amagara y’abantu, uburimyi n’ubworozi, indero hamwe n’ibindi.
Iyo nama yari irongowe na Musitanteri wa Komine Kayanza, Niyonizigiye Godefroid, mu ntumbero yo gukomeza uguhanahana amakuru no gushira inguvu hamwe mu kurangura imigambi y’iterambere n’ukubungabunga umutekano n’imibereho myiza y’abenegihugu.
Mu mpanuro yashikirije abari aho, Musitanteri wa Komine Kayanza yamenyesheje ko inama ibaye mu gihe ibisata vyinshi vyamaze kuronswa indongozi nshasha, ivyo bikaba bikwiye gutuma ibikorwa vy’iterambere birushirizaho kwihuta no kwegerezwa abenegihugu.
Yahamagariye indongozi zose gukomeza kubungabunga amahoro n’umutekano, cane cane mu gushigikira ikoreshwa ry’agakaye k’ingo n’imiryango, gukingira imbibe z’Igihugu no kubungabunga ibidukikije, harimwo gukingira amashamba n’ibibira kugira ntihagire abavyonona canke ngo babibemwo mu buryo buciye kubiri n’amategeko.
Abari muri iyo nama basabwe kandi gukomeza kurwanya inzoga zitemewe n’amategeko no kwubahiriza amabwirizwa n’amategeko agenga ubudandaji, harimwo gutandukanya aho badandariza inzoga n’aho badandariza ibifungurwa.
Kubera amasanganya yo mw’ibarabara amaze iminsi yibonekeza kumurindi utamenyerewe, hafashwe ingingo zo gukomeza gukurikiza amategeko ajanye n’umutekano wo mw’ibarabara, harimwo kubuza gutwara amakinga mw’ijoro guhera isaha cumi na zibiri z’umugoroba no kwubahiriza igitigiri c’abemerewe kuja ku mapikipiki no mu miduga, mu ntumbero yo kugabanya amasanganya.
Muri iyo nama hibukijwe kandi akamaro ko kwubahiriza itegeko nshikiranganji rusangi rijanye n’isuku n’isukura, risaba abenegihugu ba Komine Kayanza kubandanya batsimbataza isuku mu ngo no mu bibanza rusangi.
Abafise amazu y’ubudandarizo n’utuzu twasugumwe tudatunganijwe neza basabwe kubwubaka hisunzwe amategeko n’amabwirizwa y’isuku, harimwo kwubaka ubwiherero bukomeye, busakaye neza kandi bukwije ibisabwa mu vy’isuku.
Mu ntumbero yo gutsimbataza indero runtu n’iterambere ridakumira, hafashwe ingingo yo kubandanya ibikorwa vy’iterambere rusangi harimwo gufasha abatishoboye no kubungabunga indero y’abana mu gihe c’uburuhuko bukuru.
Abari muri iyo nama basabwe kandi gukaburira imiryango yose gutunga ikarata yo kwivurizako, kuko ari igikoresho gihambaye mu gukingira amagara y’abantu no mu kuborohereza kwivuza igihe cose bikenewe.
#Kayanza #Iterambere #AmahoroNUmutekano #Isuku #Vision2040_2060

